Umugambi wo gushigikira amashirahamwe y’ubutunzi bufatiye ku buhinga
Ibikorwa vya PAFEN bitumbereye kuduza ikoreshwa ry’ubuhinga mu gukwiragiza enterinete n’urutonde rw’abamaze gukoresha ubwo buhinga biciye mu bikorwa bikwegera abantu gushira imitahe mu nyubako z’ubuhinga buramba kandi buhanitse mu bijanye n’ibidukikije kandi bituma abakenera ubwo buhinga biyongera biciye mu bikorwa vyo gushikira ubuhinga. Ibi bikurikira nivyo bizofatirwako mu kuraba ko umugambi wagenze neza :
Kuduza ugushikira enterinete nyinshi aho itarashika neza :
Urugero rwa enterinete nyinshi: ibice vy’abantu bakuze bafise enterinete
ikora (ngendanwa canke iri hamwe), vyerekana ibice vy’abakenyezi n’ababa
mu mitumba (Kw’ijana)
Kuduza ubushobozi bwo gukora ibikorwa vya reta biciye mu buhinga:
Ibisata bisangiwe vyashizweho na reta bifasha abantu biciye mu buhinga (Igitigiri)
Indongozi
Ihangiro ryacu ni ugushiraho
reta ikoresha ubuhinga bwa none.
+257 22 25 87 50
Mufise ico mubaza
Abafashwa Abafashwa
Abazofashwa n’uwu mugambi bazoba ari ababa mu Burundi, cane cane abenegihugu, amashirahamwe y’abigenga, amashirahamwe ya reta, bazoronka enterinete nziza n’ibikorwa biciye mu buhinga
- Abazofashwa n’uwu mugambi bazoba ari ababa mu Burundi, cane cane abenegihugu, amashirahamwe y’abigenga, amashirahamwe ya reta, bazoronka enterinete nziza n’ibikorwa biciye mu buhinga
- Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida
- Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere ry’amakomine n’umutekano
- Ibanki ya repuburika y’Uburundi
- Ubunyamabanga nshingwabikorwa bw’ubuhinga bwo guhanahana amakuru (SETIC)
- Ikigo co gutunganya no kugenzura itumatumanako (ARCT)
- Urunani rw’uburezi n’ubushakashatsi rw’Uburundi (BERNET)
- Bi-Switch




