Aborosha ibikorwa vya reta vy’ubuhinga

Iki gisata kizokoresha ubuhinga bwa reta mu gutunganya « umutekero w’ubuhinga» bwa reta y’Uburundi mu bijanye n’ibikorwa vy’ubuhinga. Izokwibanda cane cane ku ntwaro harimwo n’inyubako z’ubuhinga zikoreshwa kenshi kandi zisangirwa, amahuriro y’intwaro yemewe n’amategeko, mu ntumbero yo guteza imbere no kwagura ubushobozi bwa reta ngo ifashe abantu ikoresheje ubuhinga, mu kugabanya ukwicamwo ibice no mu gufasha ihinduka ribandanya rya reta, hamwe n’ugukora neza kw’ivya nkenerwa (nk’akarorero, mu kugabanya ukwisubiriza kw’inyubako).
Inzego mu vy’ubutungane, mu vy’ intwaro no mu vy’ubuhinga mu gutanga ibikorwa vy’ubuhinga
Aka gace k’igisata kazofasha guteza imbere indongozi nkuru-nkuru ari nazo zituma hatangwa ibikorwa vy’ubuhinga mu buryo bwizewe kandi bukozwe neza.
Inyubako n’imbuga za reta zo mu buhinga kandi zisangiwe
Aka gace k’igisata kazoduza ubushobozi bwa reta bwo gushikiriza abantu ubuhinga ibicishije mu nyubako, imbuga n’ubushobozi bw’ubuhinga bwa reta busangiwe kandi bukingiwe.
Gushira mu buhinga bwa none ibikorwa bimwe bimwe vya reta n’imigambi mboneza
Aka gace k’igisata kazoshigikira ishirwa mu buhinga ry’ibikorwa vyatowe kuko bizana impinduka nini kandi bironderwa cane. Kazoba karimwo ibikorwa bitumbereye gufasha ishirwa mu buhinga ry’ibikorwa bimwe bimwe reta ikora kubwayo nyene, kubw’abantu canke kubw’amashirahamwe.

Ishirwa mu buhinga ry’ibikorwa bimwe-bimwe n’imigambi mboneza

Ivyisungwa mu guhitamwo bishobora kubamwo impinduka ku buhinga kuri bose, ukwitegurira ubuhinga, inyungu y’ugukora neza n’impinduka zishoboka mu vy’imibano n’ubutunzi. Uburyo buzofasha kugura amalojisiyeli, ibikoresho bijanye n’uguhemba abahinga bakenewe ku bikorwa vyose vyahiswemwo. Ibikorwa bizohabwa uburyo vyo muri aka gace k’igisata bigizwe na :
Ibikorwa na apilikasiyo bisangiwe n’intwaro rusangi
Iki gikorwa gitumbereye guha uburyo ishirwaho ry’ibikorwa n’ama apilikasiyo rusangi makuru makuru mu ntwaro rusangi, nk’ubuhinga bwo kumenyesha ikibaye biciye mu butumwa bugufi, nk’akarorero uguhanahana amakuru yo kugabisha iyo hateye ikiza canke guhangana naco ; no gusubiramwo neza urubuga rwa reta, Isoko, kugira ngo hashirweho urubuga nyamukuru rwa reta ku bijanye n’ubuhinga vyose.
Ishirwa mu buhinga ry’ibikorwa mboneza vya reta n’intwaro
Iki gikorwa kizoha uburyo ivyo reta izokorera amashirahamwe n’ivyo yikorera ubwayo biri mu nyubako n’ibikorwa bisangiwe. Uguhitamwo ibikorwa kuzokorwa hisunzwe isuzuma rikitse, urutonde hamwe n’itohoza, mu ntumbero yo kumenya ibikorwa bizana impidnduka nini cane cane ku banyagihugu bari inyuma y’abandi. Ishirwa mu buhinga ry’ivyo bikorwa vya reta rizokorwa ku buryo rishikirwa na bose.

Inyubako n’imbuga za reta z’ubuhinga zisangiwe

Izokoresha ubwenge bwo mu bidukikije n’ubwo gufatira reta muri rusangi mu gushiraho inyubako igezweho n’ibikorwa reta ikora kubwayo nyene bisangiwe, bikoreshwa kenshi kandi bikingiwe no gutuma bikoreshwa na MDA. Ibikorwa vyose bizoba birimwo utwigoro two gukangurira abantu inyigisho z’ubuhinga, zigenewe cane cane abakozi ba reta bakoresha kandi batunganya inyubako rusangi mu ntumbero yo gukarigiriza ubwenge abantu. Ibikorwa vyo muri aka gace k’igisata bizoshiraho umushinge wo gushiraho ibikorwa vy’ubuhinga ku bantu n’amashirahamwe. Ibikorwa bizohabwa uburyo vyo muri aka gace k’igisata birimwo:

Murafise ibibazo ?

Mukaba mufise ibibazo kuri uwu mugambi wacu, ntimureke kuturondera. Abakozi bacu bazokwama biteguye kubafasha.

Twandikire

KI