Ubuhinga Kuri Bose
Iki gisata kizofasha gushikira enterinete nyinshi n’ugukora ibikorwa bifatiye ku kigega c’ibiharuro. Kizobikora mu gutanga uburyo ku bikorwa bituma habaho ibihe vyiza vyorohereza uguteza imbere isoko ry’umuhora munini, ugushira uburyo mu kwagura isoko ry’iwacu, n’ibikorwa bishigikira aborosha mu gushikira ubuhinga, bituma abakenera ubuhinga biyongera mu migwi y’abasanzwe bafise ingorane zo kuronka no gukoresha enterinete.
Ibihe vyorohereza abantu kuronka enterinete nyinshi n’ibikorwa vy’ubuhinga
Aka gace k’igisata kazofasha reta gushiraho
imigambi ihambaye, inzego zijejwe intwaro
n’igenzura zifasha gushikira enterinete
nyinshi n’ibikorwa vy’ubuhinga.
Gushikira enterinete iwanyu
Aka gace k’igisata kazofasha mu gukabura
ugushikira enterinete nyinshi biciye mu
gushira uburyo mu mugambi wo gushikira
enterinete iwanyu bikazofasha mu gukuraho
utunenge tuhari mu bijanye no gushikirwa no
gushikira enterinete.
Ibituma bose bashikirwa n’ubuhinga
Aka gace k’igisata kazohangana n’intambamyi
zijanye n’abakeneye ubuhinga zigatuma
bigorane kubushikira. Kazokwibanda ku duce
turi inyuma gusumba utundi, cane cane mu
mitumba hamwe n’imigwi ibangamiwe.
Gushikira enterinete y’iwanyu
Imigambi yashizwe imbere izofasha mu gushikira abantu badafise enterinete no kuzibira ikinogo c’ubuhinga, ihereye ku baba mu mitumba. Mu bikorwa bizohabwa uburyo muri aka gace k’igisata harimwo:
Umugambi wo gutanga enterinete mu mitumba
Iki gikorwa kizotumbera uturere two mu mitumba aho ubudandaji bufatiye kuri
enterinete budakwiye mu ntumbero yo gushigikira inyubako za kijambere zikwega
enterinete. Kizofasha gukwiragize ibikorwa vya enterinete nyinshi muri utwo turere
biciye ku badandaza batsindiye isoko.
Umugambi wa enterinete mu mashure ya kaminuza .
Iki gikorwa kizofasha BERNET, kiyishoboze kwongereza ubufasha iha amashure ya
kaminuza mu kurihira BERNET imbere y’igihe amafaranga yo kwiyandikisha muri Africa
Connect 2 na 3, bigatuma amashure 16 ari muri uwo mugambi ari mu Burundi aronka
enterinete mvamakungu irihiwe amafaranga make kugira ayo mashure aronke
imfashanyigisho n’utundi turusho dutangwa na Africa Connect ifashwe mu mugongo
n’ishirahamwe rya buraya.
Ibituma bose baronka ubuhinga
Buzokwibanda ku bantu bari inyuma gusumba abandi cane cane uduce two mu mitumba (harimwo uturere turimwo ubushuhe), abakenyezi n’abigeme (nk’akarorero, biciye mu mashirahamwe y’abakenyezi), n’imigwi ibangamiwe ariko yoshobora gukamisha enterinete nziza hamwe n’ibikorwa vy’ubuhinga (nk’akarorero, ibikoresho vy’ibigo vy’abagendana ubumuga, amashishirahamwe yemewe n’amategeko) hamwe n’imigwi ibukoresha mu bice vyashizwe imbere (nk’akarorero, igisata c’indero). Ibikorwa vyahawe uburyo bizofasha mu:
- Gukomeza kumenyekanisha uburusho bwo gukoresha ubuhinga bwa none
- Kuduza ugushikira ibikoresho vyakira enterinete nyinshi
- Guteza imbere umuco w’ugukoresha ubuhinga
Murafise ibibazo ?
Mukaba mufise ibibazo kuri uwu mugambi wacu, ntimureke kuturondera. Abakozi bacu bazokwama biteguye kubafasha.
